30/06/2022
"Ku mafaranga 80 000 gusa, ndakoresha "gaz" amezi 2 arenga".
👉🏾 N'ubwo bisaba uburyo butari buto kugira umuntu ashobore gutekesha umwuka wa "gaz", ubwo nabwo bushobora gutwara amafaranga agera ku 500 0000 y'amarundi (twarabivuzeko aha : https://bit.ly/3Afzw6f ), hari abashoboye gutangura kubukoresha mu ngo zabo 😇
👵🏾 Victoire*, umukenyezi wo mu gisagara ca Bujumbura ari mu bahisemwo gukoresha ubwo buryo. Aratuyagira : "Igihe natanguye gukoresha "gaz", nabona ko nkoresha amafaranga atari make cane. Naguze iy'80 000. Nayikoresheje amezi abiri arenga."
👉🏾 Uwo mukenyezi akaba avuga ko "gaz" imufasha cane mu buzima bwiwe. Avuga ati : "Turetse y'uko ubu "gaz" izimbutse, iranamfasha mu buzima. Ivyo utetse biranyaruka gusha, kandi uteka igihe cose ushatse. Wikanguye nko mu masaha ya n'ijoro, urashobora guteka ugafungura mu mwanya muto. Ariko ku muntu atekesha amakara, arinda gucana imbabura. Ikindi naco, "gaz" iri n'isuku. Nta myotsi icafuza inzu isohora nk'iyo utekesha amakara".
👤 Nadine*, uwundi mukenyezi asanzwe nawe nyene akoresha "gaz" mu rugo rwiwe ati : "Jewe ndashobora gukoresha amafaranga 48 000 mu mezi abiri hafi". Avuga ko icatumye ahitamwo "gaz" ni uko "amakara asigaye azimvye, bimufasha kwitekera iyo ata mukozi afise".
📊 Mu gihe igiciro c'amakara kibandanya kiduga, (umwanditsi wa Yaga yaravyanditse aha : https://www.yaga-burundi.com/2021/flambee-prix-charbon-bois/), aho umupfuko wagurwa wagurwa 28 000 mu 2013, mu 2020 ukaba wari ugeze ku 40 000, ubwo gukoresha "gaz" si vyo vyari bikwiriye ?