17/08/2026
: Amafaranga arenga imiliyari 2.4 yakoreshejwe mu kwubaka amasoko ya Cumba na Nkoyoyo
Amafaranga angana na 2.450.000.000 FBu ni yo yakoreshejwe mu kwubaka amasoko ya Cumba na Nkoyoyo, muri zone , komine Muyinga. Ivyo vyashikirijwe na Amedée Misago, musitanteri wa komine Muyinga, ku wa 16 Myandagaro 2026, igihe yariko arugurura icese isoko ya zone .
Iyo soko yubatswe ku mfashanyo y’umugambi , ku bufatanye n’intwaro. Yashikirijwe ku mugaragaro na musitanteri wa komine Muyinga, ari kumwe n’indongozi zitandukanye zo muri iyo komine.
Mw’ijambo ry’ikaze, uwurongoye zone Cumba, Ndarugirire Melchiade, yashimiye indongozi za komine Muyinga ku gikorwa zakoze co kubafasha mu kwubaka iyo soko. Yarasavye kandi indongozi kubafasha kugira baronke amazi n’umuyagankuba, kugira iyo soko ishobore gutera imbere no gushikira imbonakazoza.
Mu ijambo ryiwe, Amedée Misago, musitanteri wa komine Muyinga, yavuze ko ata mvo n’imwe yotuma abenegihugu bahurira muri iyo soko bayifata umwanda, na rirya hasanzwe hubatswe n’ubwiherero. Yasavye abadandaza n’abakoresha iyo soko kwubahiriza amategeko ajanye n’isuku n’isukura, nk’uko bisabwa na Reta.
Yabasavye kandi kwama bacungera neza ahantu hose hakorera abakoresha umuriro w’imbabura canke amapasi, bakagenda barazimya umuriro igihe bawukoresheje, kugira bakinge impanuka z’umuriro.
Musitanteri Misago yateye akamo abenegihugu bose bo mu micungararo y’ako gace kugira bahurumbire iyo soko. Yabasavye kandi gukorana mu bumwe, ata kuraba aho umwe wese avuka.
Ku ruhande rwiwe, Shaban Nimubona, umushingamateka yatowe mu ntara ya Buhumuza, yasavye abadandaza gukora urudandazwa bacungana, kugira ntihagire abakora urudandazwa rutemewe n’amategeko. Yabahanuriye kandi gutanga amakori n’amatagisi basabwa n’amategeko.
Ico gikorwa co kwugurura icese isoko ya zone Cumba cari citabiriwe n’izindi ndongozi hamwe n’imvukira za zone Cumba, iza komine Muyinga, hamwe n’abatumwe canke abavuye mu ntara zitandukanye.
+61