08/05/2026
Uwovuga ko abategetsi b'Uburundi yuko ivyiyumviro vyo gushikana Uburundi Kure atavyo bifitiye ntiyoba abeshe namba, iyumvire nk'umutegetsi akubahuka agashaka kugereranya ibintu atanahamwe bizopfa bihuriye.
Mu mwanya umwe ukaza wumva ngo mu Burundi inrya zirazimbutse sinkahandi, igitoro ngo ntikizimvye nko muri America , uyundi mwanya ngo Ivoka ryo muri America rirazimvye kuriko ryo mu Burundi , aha rero niho umuntu aca agaruka akibaza, burya vyukuri abategetsi bacu barafise imbona kazoza vyukuri?
USA GDP per capita yayo ku mwaka ni $85,810 ni mu gihe mu Burundi GDP per Capita yaho ari $320 gushika $618 ku mwaka , none vyukuri aba bantu wumva wobageraranya gute? Muri make USA urashobora gusanga nk'umuntu akorera ku musi ama $240 ( 1,300,000 fbu )! Ni mu gihe mu Burundi usanga hari nuwudakorera 5000 fbu kumusi , bishatse kuvuga ko N’aho ibintu bimwe muri USA vyoba bizimvye (nk’igitoro canke ubu*ima), umuntu w’aho aba afise ubushobozi bwo kubigura. Mu Burundi ho, naho bavuga ko ibintu “bitazimvye cane,” abantu benshi ntibafise amafaranga ahagije yo kubigura " Ibi ni vyo mu bukungu bita Purchasing Power (ubushobozi bwo kugura)
Ikibazo rero si ibiciro gusa, ikibazo nyamukuru ni ubushobozi bwo kubigura (purchasing power). Iyo abantu badafise akazi canke imishahara yabo iri hasi, canke abategetsi baba DD bakaba badashobora kwiyumvira ko hakenewe ingingo zifatika zo guteza imbere ubu*ima bw’abanyagihugu, mumenye ko ataho turiko turaja, muri make ninko Kugenda uranyaruka ariko wazimiye utazi iyuja, nubwo woba uri kuri speed yo kubanguka ariko ntaco biba b'imaze kuko n'ubundi ntuba u*i iyo uriko uraja.