Inzozi by Mwemu Y'Ukuri Na Ezéchiel

Inzozi by Mwemu Y'Ukuri Na Ezéchiel Ishimwe kwa Yahshua

11/01/2022
04/06/2021

UBUKUMI NI IKI?

Ubukumi ni igihe c’agaciro kanini mu buzima bw’umukobwa, ariko umukobwa atihaye agaciro mugihe c’ubukumi bwiwe agereranywa n’akazu ka sugumwe rusangi kuko uwo ari we wese afise umusonga akagira n’ubushobozi bwo kuriha araza akinjira agasigayo umwanda unuka.

Ubukumi bugereranywa n’infungurwa ziteguwe neza zigashirwa mw’isorori nziza zigafundikirwa iyo bish*tse abarengana bose bakaza bagafundurura umwe wese agashiramwo ikiyiko akigendera uwuzozifungura ubwanyuma azosanga zamaze kugasha.

Twobugereranya
kandi n’imbombo ya jojo : uwuyikuye muri karya gapapuro arumva ko ifise uburyohe akiyirya. Ariko haheze umwanya akiyirya irashika igihe ita uburyohe bwose agaheza akayicira. Ibaze nawe umuntu yorya jojo uwundi yaciye, yoyisangana uburyohe ?

Ibaze nawe: NINDE YIPFUZA GUFUNGURA IBIGASHE, IVYATAYE UBURYOHE ?

Agaciro umwigeme yihaye mugihe c’ubukumi bwiwe ntaco yokagereranya mugihe c’ubuzima bwiwe bwose.
Umuhungu iyo akundana n’abakobwa benshi usanga bamutera amashurwe ngo arahambaye, n’umunyamayeri canke ngo n’umuhinga mukuresha ariko umukobwa iyo akundanye n’abahungu benshi bamwita imaraya

Ibaze nawe: NINDE MUHUNGU YIPFUZA KUBANA N’IMARAYA?

Mwigeme mugihe c’ubukumi bwawe ubaha ico uri co wongere wubahe n’umubiri wawe ureke kuwumara uburyohe. Kwambara impuzu zitaguhesha agaciro ni kimwe mubigukwegera iyo ngeso.
Mwigeme ibaze uko wokwiyumva mugihe bokubwira ko mama wawe yahora ari imaraya hama nawe nimba udashobora kwiyubaha utume wubaha uruvyaro rwawe ruzoza kuko iyo niyonzira yonyene yogukingira urunganwe ruzoza izo ngeso mbi.

Ncuti murantunge nimba haraho noba nakoresheje imvugo ndenza rugero kuko intumbero yanje si iyo gutyoza abigeme ahubwo niyo kubahanura abo bishobokera bagahinduka.
Nagira nsabe kandi abo izi mpanuro zigirira ikimazi ntibareke kubigaragaza muri commentaire kuko biradutera intege zo kubandanya twandika.

10/05/2021
16/02/2021

INZOZI

Ndikubona Hari isaha icumi zubuca numva ijwi rimbwiye riti:ISUBIRAMWO
Nciyumvira nca nsanga ndikanguye nubundi nkomeza kwibaza ivyiryojwi.

Nongera ntwara nagatiro nca nsubira kubona izina muntu wese nashoboye kubona yarafise "dossier" nukuvuga ko umuntu wese yarafise rwiwe.maze nifuza kumenya yuwundi icanditsemwo ariko nsanga kurupapuro hejuru bariko 'code"kode" vyaboneka ko umwe wese yarasanzwe azi ibirimwo iwe.

Nsubira kwikangura nongera kwibaza kuvyo mbonye,nca nongera mukanwa nsubira kwumva ryajwi rimbwira amajambo aboneka

MUBANYEFESO 6:14-20

Umuremyi adushoboze kumenya uko dutegerezwa kwitwara murino misi isozera isi ya none.

Niwe nanje tumenya ivyo tugenderamwo.

Kwitondera ISABATO ntuyikengere,ntufukamire ibishusho vyakozwe namaboko yabantu.

Nuko twiyuzuze na Yehova twihane dukorere mubugororotsi kugirango tunezereze Iyaturemye.

Murakoze na:

Ezechiel.

14/02/2021

NDABAHAYE BWAKEYE BAKUNDWA

Muramahoro? nezerejwe no kubaramutsa ndabifuriza kugendera muvyo Uwuhoraho abona ko Ari vyiza
Kuba hafi yo kugendera mubitunganye mukifatanya nabakora ivyukugororoka mwitondera ivyagezwe vy'Uwuhoraho.

Mukwitegurira ukugara kw'Umwami Yah sh MESIYA. Mube abahizi mubugororotsi.

Mwibuke ko hahirwa abibikorwa vyabo biriko vyandikwa

Mwibuke ko Hari abariko bakora ninguvu ibikorwa vyabo vyiza Kandi vyinshi bitariko vyandikwa mugitabo c'Ubwami.

Mwibuke ko hariho n'abandi bariko bagororoka bitunganya ariko atabikorwa mugitabo c'Ubwami.

Mwibuke ko hariho abagize urudandazwa umurimo bariko bawudandaza bariko bariko bawukuramwo umwimbu akanoti.

ICITONDERWA: uwusoma yiyubare kuko ubuhanuzi bwose ntiburiko buva Kuwuhoraho UMUREMYI.

MURAKOZE

Address

Niyo@ezé. Com
Bubanza

Telephone

+25769080931

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Inzozi by Mwemu Y'Ukuri Na Ezéchiel posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share